Paroles de la chanson Abakenyezi par Big Fizzo

Chanson manquante pour "Big Fizzo" ? Proposer les paroles
Proposer une correction des paroles de "Abakenyezi"

Paroles de la chanson Abakenyezi par Big Fizzo

Ejo novyuka ari umuhero w'isi
Nkavyuka mbazwa ico namaze kw'isi
Novuga ko nahabonye intwari
Ataworonka icazihemba
Novuga ko nahabonye abakenyezi
Bibungenga ubuzima
Novuga ko batatinya
kuvyuka igicugu Kubwumuryango
Ko batatinya igikonyozi ,isuka kurutugu,
N'amaguru murufunzo
Guturubikwa kwabo sibisanzwe mumaso ya Rurema
Nkakunda ukuntu bagwa bavyuka
Kugira bagaburire abana
Hmmm abo bakenyezi
Hmmmm abo bakenyezi
Hmmmm abo bakenyezi
Hmmmm abo bakenyezi

Turabashimiye kuko muzi insiguro yo gukenyera
Mwihanganira vyinshi ariko mukaguma mutumwenyurira
Murazi gutanga ivyiza kubanyu mukiyibuka ubwanyuma
Ndasab icompa ngo Kibirengeye akabahaza kuramba
Murazi kugwiza ibiboneka nkubusa mukabigira umusozi
Murazi kugumya ibanga naho ryoba ryarabakoroje amosozi
Kubwanje ntimukwiye kwibukwa rimwe gusa mumwaka
Kubwanje mukwiye gushimirwa
Incuro umutima utera ( incuro utera)
Incuru umutima ukubita ( incuro utera )
Hmmm abo bakenyezi
Hmmm abo bakenyezi
Hmmm abo bakenyezi
Hmmm abo bakenyezi

Abakenyezi n'amashurwe y'isi
Nteye aka kamo ngo tubahe agaciro kabakwiriye
Ibihe bize bibwire ibindi ko twubashe abatuvyaye
Nibubahwe

Paroles.net dispose d’un accord de licence de paroles de chansons avec la Société des Editeurs et Auteurs de Musique (SEAM)

Sélection des chansons du moment